#Mbariza : Uyu munyagihugu ikibazo ciwe acerekeza comiseri mukuru arongoye igisata OBUHA Msc. Arch. Dieudonné NKUNZIMANA eka ndetse n'ubushikiranganji ico gisata gikukira .Agira ati :
"Ndabaramukije mwebwe murazwa ishinga nuko mu Burundi amategeko yubahirizwa.
Mwebwe ijwi ryanyu rishika kure nagire ndabasabe mumbarize:"Ikibazo ca Tenga - Gahwama c'uko Reta iriko isaba abantu ngo bapime amatongo ngo bahace amabarabara ikongera igasaba n'impapuro ziranga ayo matongo.
Hariho abantu benshi cane barenga amajana ane,haheze imyaka irenga ine igisata ca Reta ARB (Agence Routière du Burundi) catse impapuro ngo bazopima babanze barabe igice c'itongo risigaye mu gihe bari bahejeje gutangura guca ibarabara ritanabandanije.None abo bantu bariko basabwa impapuro zifiswe na ARB bazokwerekana iki?Ikindi mwombariza: mbega inshumbusho ku bakozweko n'iryo barabara izoboneka ryari ko twarindiriye amaso agahera mu nzira?"
.....................
🔴Menya neza : Umurongo #Mbariza n'uburyo bushasha Focode ihaye abanyagihugu badafise aho bavugira kugira bashobore kubaza abategetsi babijejwe ibibazo bibabakiye bakoresheje ubutumwa bugufi . #FocodeAmplificateur de la #VoixCitoyenne .
Musomyi iki kibazo cerekeye ARB nawe hari ico woba ikiziko ? Dusangize intahe yawe muri komanteri .
🔴Mushobora kuduha ibibazo vyanyu muciye mu buryo bwa whatsap : +32 465 730 224 .
@GeneralNeva , @NtareHouse , @KwaNtare , @BurundiGov , @obuhaoffice , @MielsBurundi , @nshingamateka , @Burundi_senat
May 31, 2026 · 6:32 AM UTC
1
8
17
4,636


